+257 22 27 71 21 (Hamagara kubuntu) | +257 22 27 71 20 (standard) | +257 68 22 67 67 (whatsapp) Email: cnidh@cnidh.bi Kirundi Kirundi Français Français English English
Inkuru zigezweho..
Le rapport annuel des activités de la CNIDH réalisées en 2023 insuffle des améliorations à faire Rapport annuel de la CNIDH, édition 2023

CNIDH » Imirimo y'umurwi

Umurwi ufise ububasha buhagije mu vyerekeye:

Ugukingira n'uguharanira agateka ka zina muntu

 Kwakira ibirego no gutohoza ivyerekeye ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, kugendera amabohero, gukinga isinzikazwa ry'ubuzima bwa kiremwa muntu n'ugufata umuntu bunyamaswa, kuburanira canke gufasha abo agateka kahonyanzwe cane cane abagore, abana n'abandi batishoboye, kurwanya ugusambanya ku nguvu n'ayandi mabi afatiye kugitsina, n'ibindi.

Ugukingira n'uguharanira agateka ka zina muntu

 Kurangura ibikorwa vy'inyigisho, imenyekanishwa, ihimirizwa n'itunganywa ry'ivyigwa vyerekeye gateka ka zina muntu; guteza imbere ugufatwa kumwe imbere y'amategeko; gutunganya ubushakashatsi kuvyerekeye agateka ka zina muntu, n'ibindi.

Ugukingira n'uguharanira agateka ka zina muntu

- Gushikiriza Reta n'Urwego Nshingamategeko ivyiyumviro, ibisabwa gukurikizwa n'ivyokorwa kubibazo vyose vyerekeye agateka ka zina muntu;

- Gufasha mw'iroranishwa ry'amabwirizwa, amategeko mpuzamakungu n'ayo mu karere Uburundi burimwo yerekeye agateka ka zina muntu yemejwe n'Uburundi hamwe n'ukwitwararika ko ashirwa mungiro;

- Gushigikira inzego za Reta zibifitiye ububasha kugira zemeze amasezerano mpuzamakungu ajanye n'agateka ka zina muntu no kwitwararika ko ashirwa mumabwirizwa y'igihugu;

- Guhimiriza inzego za Reta zibifitiye ububasha gutanga kugihe ivyegeranyo Uburundi butegerezwa gushigikira inzego zijejwe agateka ka zina muntu mu karere Uburundi burimwo hisunzwe amasezerano ubunri bwemeje hamwe no gufasha gutegura ivyo vyegeranyo;

- Kugira icegeranyo cerekeye ingene agateka ka zina muntu kifashe, ibikorwa vy'umurwi hamwe n'ibibazo vyisangijwe n'imirwi imwimwe nk'iyabakenyezi n'abana.

Sangiza